2 Ngoma

Chapter 19

1 Yehoshafati umwami w’i Buyuda atahutse amahoro ku kirimba iwe i Yerusalemu,

2 Yehu uwerekwa, mwene Hanani, aja kumusanganira, aca amubwira ati: "Mbega vyari bikwiye ko uja gutabara urya muntu mubi ugakunda abansi b’ Uhoraho ? Kubera ivyo, wihamagariye uburake bw’ Uhoraho .

3 Ariko, hariho iciza kiri muri wewe, kuko wakuye inkingi za Ashera mu gihugu kandi ugashira umutima wawe ku kurondera Imana."

4 Yehoshafati aba i Yerusalemu, maze aragenda aja mu bantu baba i Berisheba mu misozi y’Abefurayimu abagarukana k’ Uhoraho , Imana ya ba sekuruza.

5 Ashiraho abacamanza mu gihugu, mu bisagara vyose bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda.

6 Ababwira ati: "Mumenye neza ivyo mukora, kuko mutariko mucira imanza abantu gusa, ariko muzica ku bw’ Uhoraho , kandi ari kumwe namwe igihe muzica.

7 Nuko rero nimwubahe Uhoraho . Mwitonde mu guca imanza, kuko k’ Uhoraho Imana yacu nta kurenganya canke guca iza ngondagonde, canke kurya ibiturire."

8 N’i Yerusalemu na ho nyene, Yehoshafati ashinga bamwe mu Balewi, abaherezi n’abakuru bo mu miryango y’Abisirayeli, ngo bakoreshe ivyagezwe vy’ Uhoraho mu gutatura amatati; kandi baba i Yerusalemu.

9 Abaha aya mategeko ati: "Muze mukore mu bwizigirwa n’imitima yanyu yose, mwubaha Uhoraho .

10 Mu manza zose abavukanyi banyu b’Abisirayeli baba mu bisagara bazobazanira, zaba ari iz’amaraso canke ibindi bijanye n’ivyagezwe, amabwirizwa, amategeko n’ivyashinzwe, muze mubabwire ko badakwiye gucumura k’ Uhoraho ; bitari uko uburake bwiwe buzobazako mwebwe n’abavukanyi banyu. Muze mukore mutyo kugira ngo ntimucumure.

11 Amariya umuherezi mukuru ni we azobarongora mu bintu vyose vyerekeye Uhoraho . Zebadiya mwene Ishimayeli, umukuru w’umuryango wa Yuda, ni we azobarongora mu vyerekeye intwaro. Abalewi na bo bazoba abaraba ko ubutungane busasagaye. Mukorane umwete, kandi Uhoraho aze abane n’abazokora neza."