Yobu

Chapter 25

1 Maze Biludadi w’i Shuhi arishura ati:

2 "Inganji n’igitinyiro ni ivy’Imana, kandi ni yo itanga amategeko ahasumba amajuru.

3 Mbega inkomezi zayo zoharurwa? Umuco wayo ni nde utarasira?

4 None umuntu apfa, yogororoka gute imbere y’Imana? Uwavyawe n’umugore yoshobora ate gutungana?

5 Nimba mu nyonga zayo n’ukwezi kudakayangana, n’inyenyeri ntizibe zitunganye mu maso yayo,

6 mbega ntibirushirije ku muntu buntu, apfa akabora, ku mwana w’umuntu asanzwe ari nk’umusiba?"