Chapter 47
1 Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya umuvugishwa rivuye k’ Uhoraho ryerekeye Abafilisitiya imbere y’uko Farawo atera i Gaza, ryavuga riti:
2 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Ehe ingene amazi asuriranije mu buraruko; azohinduka umugezi utemba amazi menshi. Azosendanisha mu gihugu no ku bintu vyose biri muri co, ibisagara n’ababibamwo. Abantu bazoboroga; ababa mu gihugu bose bazovuza induru
3 bumvise imirindi y’amafarasi akomeye, bakumva uguhinda kw’imikogote y’umwansi hamwe n’uruyogoyogo rw’amaguru yayo. Abavyeyi ntibazohindukira gutabara abana babo; amaboko yabo azocika nk’imigozi.
4 Kuko umusi uje wo gutikiza Abafilisitiya no gukuraho abacitse kw’icumu bose boshoboye gutabara Tiro na Sidoni. Uhoraho yiteguye gusangangura Abafilisitiya, amasigarira yo ku kizinga c’i Kafutori.
5 Gaza hazokwimwesha inkomvorera ku bwo kugandara; Ashikeloni hazozibwa akanwa. Yemwe masigarira yo mu kiyaya, muzogeza ryari kwikebagura?
6 ‘Yo, wa nkota y’Uhoraho we, mbega uzoruhuka ryari? Subira mu rwubati rwawe; sigaho guma hamwe.’
7 Ariko yotekereza gute? Kandi Uhoraho ari we yayitegetse, yarayihaye itegeko ryo gutera Ashikeloni n’inkengera y’ikiyaga?"
