Intimba

Chapter 2

1 Ese ukuntu Imana yatwikirije umukobwa w’i Siyoni igicu c’uburake bwayo! Yahomvoreye hasi ubwiza bwa Isirayeli, ibukura mw’ijuru ibukororera mw’isi; ntiyibutse indava y’ibirenge vyayo ku musi w’uburake bwayo.

2 Imana yamize miyonzwa imihana ya Yakobo; mu burake bwayo yasubije hasi ahazitijwe inzitiro z’umukobwa w’i Buyuda. Kandi ubwami bwaho n’abaganwa baho yabisenyuriye hasi biri mu biteterwe.

3 Mu burake bwayo bw’inkazi yavunye ihembe ryose ry’Abisirayeli. Yakuyemwo ukuboko kwayo kw’i buryo igihe umwansi yari yegereje. Mu ba Yakobo yatse kurya kw’umuriro utongora uturira ibintu vyose biri i ruhande yawo.

4 Yafoye umuheto wiwe nk’umwansi, ukuboko kwiwe kw’i buryo kuriteguye. Yabaye nk’umwansi mu kwica abantu bose b’igikundiro; yasutse uburake bwiwe nk’umuriro kw’ihema ry’umukobwa w’i Siyoni.

5 Imana yabaye nk’umwansi; yamize Isirayeli atamuhekenye. Yamize adahekenye ibirimba vyaho asenyurira hasi inyubako zaho zikomeye. Yagwije ikigandaro n’ugucura intimba ku mukobwa w’i Buyuda.

6 Yasambuye aho yaba hahinduka agahinga, yasambuye ikibanza ciwe c’amakoraniro. Uhoraho yatumye i Siyoni hibagira imisi mikuru yategekanijwe yaho n’amasabato; mu bushangashirwe bwiwe yakengereye umwami n’umuherezi.

7 Uhoraho yashiburiye kure igicaniro ciwe yahevye ahera hiwe. Inzitiro z’ibirimba vyiwe yabirekuriye mu maboko y’umwansi; bavugirije akamo mu Ngoro y’Imana nk’uko vyahora mu gihe c’umusi mukuru washinzwe.

8 Uhoraho yahisemwo gusambura uruzitiro rukikije umukobwa w’i Siyoni. Yagoroye umugozi wo gupima kandi ntiyabujije ukuboko kwiwe ngo ntigusambure. Yahinduye impome n’inzitiro agacurantimba; vyose vyahindutse umusaka.

9 Amarembo yaho yasenyukiye hasi; ibihindizo vyayo vyaravunaguwe birasamburwa. Umwami waho n’abaganwa bacitse inyagano mu mahanga, nta vyagezwe bikiriho, kandi abavugishwa baho ntibakibona ivyo berekwa bivuye k’ Uhoraho .

10 Inararibonye z’umukobwa w’i Siyoni zicaye hasi, ntibakurako umunwa; bisuriye umukungugu ku mitwe bambara amagunira. Abakobwa b’i Yerusalemu bunamitse imitwe yabo mw’ivu.

11 Amaso yanje ananiwe no kurira, muri jewe huzuye uruhagarara, umutima wanje usutswe hasi kw’isi kuko abantu banje basanganguwe, kuko abana n’inzoya bapfira mu mabarabara yo mu gisagara.

12 Babwira ba nyina bati: "Umukate n’umuvinyu biri hehe?" mu gihe bariko bararaba nk’abakomeretse mu mabarabara y’igisagara, maze ubuzima bukabavamwo bari mu maboko ya ba nyina.

13 Mbega mvuge iki kuri wewe? Mbega nokugereranya n’iki, ga yewe mukobwa w’i Yerusalemu? Nogushushanya n’iki, kugira ngo nshobore kukuremesha, ga yewe mukobwa w’i Siyoni? Igikomere cawe gishika kure nk’ikiyaga. None ni nde yogukiza?

14 Ivyo abavugishwa bawe beretswe vyari ibinyoma bitagira akamaro; ntibakweretse icaha cawe ngo bigukize kujanwa uri inyagano. Ivyo bavugishijwe imbere yawe vyari ibinyoma bizimiza.

15 Abaca aho uri bifata ku munwa; bakavuza agahwa bazunguza imitwe ku bw’umukobwa w’i Yerusalemu bati: "Iki ni ca gisagara citwa ubwiza busumba ubundi bwose, umunezero w’isi yose?"

16 Abansi bawe bose barasamye kandi basamira wewe; bavuza agahwa bagahekenya amenyo bavuga bati: "Twamumize tutamuhekenye. Uyu ni wa musi twari turindiriye; twabayeho ngo tuwubone."

17 Uhoraho yakoze ivyo yari yarateguye; yashikije ijambo ryiwe, iryo yari yaravuze kera. Yaragusambuye ata kagongwe, yatumye umwansi anezererwa ivyago vyawe, yashize hejuru ihembe ry’abansi bawe.

18 Imitima y’abantu itakambira Imana. Yewe nzitiro z’umukobwa w’i Siyoni, amosozi yawe nacuncubuke nk’uruzi ku murango no mw’ijoro; kandi nturuhuke, n’amaso yawe ntaruhuke.

19 Va hasi, boroga mw’ijoro, abateramyi bagitangura; suka umutima wawe nk’amazi imbere y’Imana. Mumutarikire ibiganza kubera ubuzima bw’abana banyu, baraba kubera inzara ku mpande zose z’amabarabara.

20 "Raba, yewe Uhoraho , kandi ubibabare: Ni nde wigeze ugirira nk’ibi? Mbega abagore borya abana bivyariye, abana birereye? Abaherezi n’abavugishwa bokwicirwa mu Ngoro y’Imana?

21 Abana n’abakuze barambaraye hamwe mu mukungugu wo mu mabarabara; abasore banje n’abigeme bishwe n’inkota. Wabasogose ku musi w’uburake bwawe; ubacumita ata kagongwe.

22 Nk’uko utumira abantu ku musi mukuru, ni ko watumiye abaza kuntera ubwoba impande zose. Ku musi w’uburake bwawe nta n’umwe yashoboye guhunga canke ngo asigare; abo nivyariye nkabirerera, umwansi wanje yarabariritse."