Chapter 3
1 Nimwumve iri jambo, yemwe Bisirayeli, ijambo Uhoraho yavuze abagiriza, yagiriza umuryango wose yaduganye akuye muri Egiputa. Yavuze ati:
2 "Ni mwebwe mwenyene natoranije mu miryango yose yo mw’isi; ni co gituma nzobahanira ivyaha vyanyu vyose.
3 Mbega babiri bojana batabanje kubisezerana?
4 Mbega intambwe yokwivugira mw’ishamba ata co yishe? Mbega yokwivugira mu kibundo cayo ata co yafashe?
5 Mbega inyoni yofatwa mu mutego ugaragara ata co kurya kirimwo ngo kiyikwege? Mbega umutego woshibuka ata co wafashe?
6 Iyo inzamba ivuze mu gisagara, mbega abantu ntibahinda agashitsi? Mbega icago coza ku gisagara, atari Uhoraho akirungitse?
7 Ni ukuri, Uhoraho Nyeninganji nta co akora atabanje kugihishurira abasavyi biwe b’abavugishwa.
8 Intambwe yivuze ni nde atotinya? Uhoraho Nyeninganji avuze, ni nde yokwanka kumenyesha ivyo avuze?
9 Nimumenyeshe abari mu bihome bikomeye vy’i Ashidodi n’abo mu ngoro zikomeye zo muri Egiputa muti: ‘Nimukoranire ku misozi y’i Samariya; mwirabire umuryano waho, n’agacinyizo kari mu bantu baho.’
10 Ntibazi gukora ivyiza," ni ko Uhoraho avuze, "bujuje mu mazu yabo akomeye ivyo banyaze, n’ivyo bakuye mu bwicanyi."
11 Nuko rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: "Umwansi azokwifatira igihugu canyu, asenyurire hasi iminara yawe anyage ibiri mu ngoro zawe vyose."
12 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Nk’uko umwungere agerageza kurokora intama mu kanwa k’intambwe akayaka amagufa y’amaguru gusa canke agace k’ugutwi, ni ko Abisirayeli baba i Samariya bazorokoka, bazokiza umutwe w’uburiri gusa n’igice c’impuzu bisasiye.
13 Nimwumve ibi kandi mubimenyeshe aba Yakobo," ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose, avuze.
14 "Ku musi nzohanirako Abisirayeli kubera ivyaha vyabo, nzosambura ibicaniro vy’i Beteli; amahembe y’igicaniro azocibwa akorokere hasi.
15 Nzosenyurira hasi inzu yo mu gihe c’imbeho nyinshi hamwe n’inzu yo mu gihe c’ubushuhe; amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azosamburwa n’inyubakwa zagutse zizosamburirwa hasi," ni ko Uhoraho avuze.
