Chapter 3
1 Hanyuma Uhoraho yongera kubwira Yona ubugira kabiri, ati:
2 "Va hasi uje muri ca gisagara kinini Ninewe ukimenyeshe bwa butumwa nakubwira."
3 Yona aca yumvira ijambo ry’Imana aja i Ninewe. Ninewe cari igisagara kinini ku buryo vyafata imisi itatu kugira ngo umuntu ashobore kugicamwo cose.
4 Nuko Yona amara umusi umwe agendagenda muri ico gisagara asemerera n’ijwi rirenga ati: "Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe hagahona."
5 Maze abantu b’i Ninewe bizera ubwo butumwa bw’Imana, baca bashinga ko haba ukwisonzesha kandi uhereye ku mukuru ugashika ku muntu mutoya, bambara amagunira.
6 Ayo majambo ya Yona ashikiriye umwami w’i Ninewe na we aca arahaguruka ava ku ntebe y’ubwami, yambura impuzu z’ubwami, yambara igunira, yongera yicara mu mukungugu.
7 Aca atanga itegeko i Ninewe rivuga riti: "Itegeko ry’umwami n’abaganwa biwe: Ntihagire abantu canke ibikoko, amasho n’imikuku bigira ico bikoza ku munwa, ntibigire ico birya canke binywa.
8 Abantu nibambare amagunira mbere n’ibikoko babiyapfuke, hanyuma abantu batakambire Imana binginga, kandi umuntu wese ave mu nzira z’ibibi, bahagarike n’umuryano uri hagati yabo.
9 Nta wubizi! Hari n’aho Imana yokwisubirako ikigarura, ikareka ugushangashirwa kwayo, maze ntiduhonye."
10 Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye bakava mu nzira zabo mbi, maze irigarura ntiyabahanisha igihano yari yabateguriye.
