Mika

Chapter 5

1 Egeranya ingabo zawe, yewe wa gisagara c’ingabo, kuko umwansi akwugarije. Bazokubita umutware wa Isirayeli, bazomukubita inkoni kw’itama.

2 "Ariko wewe Betelehemu Efurata, naho uri muto mu bisagara vy’umuryango wa Yuda, muri wewe hazomviramwo uwuzoganza Abisirayeli, kandi amamuko yiwe ni aya kera, yamyeho uhereye mu bihe vya kera."

3 Nuko rero Abisirayeli bazoba akahebwe kugeza igihe umugore ari ku bise azovyarira umuhungu, n’abasigaye mu bavukanyi biwe bakagaruka bakifatanya n’Abisirayeli.

4 Azohaguruka aragire umukuku wiwe ari mu nkomezi z’ Uhoraho , mu cubahiro c’izina ry’ Uhoraho Imana yiwe. Maze bazokwibera amahoro, kuko muri ico gihe ubukuru bwiwe buzoshika no ku mpera z’isi.

5 Kandi ni we azoba amahoro yacu aho Abashuri bazoterera igihugu cacu bakagendagenda mu nzitiro zacu. Tuzohagurutsa abungere indwi bo kubagwanya, mbere ni abagabisha umunani,

6 bazoganzisha inkota igihugu c’i Ashuri, igihugu ca Nimurodi bakiganzishe inkota isokoye. Azodukiza Abashuri aho bazoterera igihugu cacu bakajabuka imbibe zaco.

7 Amasigarira y’aba Yakobo azoba hagati mu mahanga menshi nk’urume ruvuye k’ Uhoraho , nk’imvura iguye ku vyatsi, itarinda kurindira umuntu n’umwe canke ngo igire umuntu ayitegeka.

8 Amasigarira y’aba Yakobo azoba mu moko menshi, hagati mu mahanga menshi, nk’intambwe mu bikoko vyo mw’ishamba, nk’umugunza w’intambwe mu mikuku y’intama, iyo irenganye itabagura yongera isiribanga, ata muntu wo gutabara.

9 Ukuboko kwawe kuzoshirwa hejuru ngo kuneshe abansi bawe, kandi abakugwanya bazoherengetera.

10 "Kuri uwo musi," ni ko Uhoraho avuze, "Nzoherengeteza amafarasi hagati muri mwebwe nsambure imikogote yawe.

11 Nzosambura ibisagara vyo mu gihugu cawe nsenyurire hasi inzitiro zawe.

12 Nzoherengeteza ubupfumu bwawe kandi ntuzosubira kuragura.

13 Nzoherengeteza ibigirwamana vyawe n’inkingi z’amabuye zawe nzozikura muri wewe. Ntuzoba ucikubita imbere y’ibikorwa vy’intoke zawe.

14 Nzorandura muri wewe inkingi za Ashera aho nzosamburira ibisagara vyawe.

15 Nzokwihorana uburake n’ubushangashirwe amahanga atanyumviye."