Zakariya

Chapter 13

1 "Kuri uwo musi iriba rizotoborerwa abo mu nzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu, kugira ngo ruboze icaha n’ubuhumane.

2 Kuri uwo musi, nzozimanganya abasenga ibigirwamana mu gihugu, ku buryo n’amazina yavyo atazosubira kwibukwa," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. "Nzokuraho ba kamenyi n’impwemu ihumanya mu gihugu.

3 Kandi nihagira n’umuntu n’umwe yongera kuvugishwa, se na nyina bamwivyariye, bazomubwira bati: ‘Ntugenda udapfuye, kuko wavuze ibinyoma mw’izina ry’ Uhoraho .’ Maze abavyeyi biwe bwite ni bo bazomusogota.

4 Kuri uwo musi umuntu wese avugishwa azogira isoni zo kuvuga ko yeretswe. Kandi ntibazosubira kwambara impuzu zibaranga nk’abavugishwa kugira ngo babeshe abantu.

5 Umwe wese azovuga ati: ‘Sindi umuvugishwa. Ndi umurimyi; mbeshejweho n’ukurima isi kuva mu buto bwanje.’

6 Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo bikomere ku mubiri wawe vyavuye kuki?’ bazomwishura bati: ‘Ni ivyo nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje.’

7 Vyuka, yewe wa nkota, ukubite umwungere wanje, ukubite urya muntu ari hafi yanje," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. "Kubita umwungere, intama zisanzare, nanje nzohindukiriza ukuboko kwanje kugwanya imyagazi.

8 Mu gihugu cose, ni ko Uhoraho avuze, babiri kuri batatu bazokwicwa; umwe muri batatu ni we azosigara.

9 Abo bazoba basigaye, ni bo nzocisha mu muriro; nzobamara inkamba nk’ifeza ndabagerageze nk’inzahabu. Bazokwambaza izina ryanje nanje nzobishura; nzovuga nti: ‘Ni abantu banje,’ na bo bazovuga bati: ‘ Uhoraho ni we Mana yacu.’ "