Yosuwa

Chapter 12

1 Aba ni bo bami b’ibihugu Abisirayeli banesheje bagafata ibihugu vyabo biri mu buseruko bwa Yorodani, uvuye ku kagezi k’uruzi Arunoni ugashika ku musozi Herumoni, harimwo igice c’amaja mu buseruko bw’ikiyaya Araba.

2 Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni. Yaganza kuva i Aroweri ku nkengera y’akagezi k’uruzi Arunoni ugashika ku ruzi Yaboki, ari na rwo rwari urubibe rw’Abamoni. Aho harimwo n’igice c’intara ya Gileyadi.

3 Yatwara kandi no mu buseruko bw’ikiyaya Araba uhereye ku Kiyaga c’i Galilaya gushika ku kiyaga ca Araba, ari co kiyaga kitagiramwo ibinyabuzima, n’i Beti-Yeshimoti, n’amaja mu bumanuko musi y’imisozi y’i Pisiga.

4 Umwami Ogi wa Bashani, umwe mu masigarira y’Abarefayimu, yatwara ahitwa Ashitaroti no muri Edireyi.

5 Yatwara intara iva ku musozi Herumoni, Saleka, na Bashani yose mu buseruko, n’amaja mu burengero ku mbibe z’abantu b’i Geshuri n’i Mayaka, n’igice ca Gileyadi ugashika ku rubibe rwa Sihoni umwami w’i Heshiboni.

6 Aho, Mose umusavyi w’ Uhoraho ni we yahafashe ari kumwe n’Abisirayeli. Maze Mose umusavyi w’Imana ahagaburira imiryango ya Reyubeni n’iya Gadi, hamwe n’igice c’umuryango wa Manase ngo habe intara zabo.

7 Aba ni bo bami n’ibice vy’igihugu abo bami batwara aho Yosuwa n’Abisirayeli bafashe, mu burengero bwa Yorodani, kuva i Bayali-Gadi mu kiyaya ca Libani, gushika ku musozi Halaki, uduga utumbereye i Seyiri, Yosuwa yagaburiye ico gihugu imiryango y’Abisirayeli ngo kibe icabo bazokwamana.

8 Muri ico gihugu, hariho ahari imisozi miremire, ahari imisozi migufimigufi yo mu burengero, hakaba ikiyaya Araba, imimanuko y’imisozi, ubugaragwa bw’i Negebu, hamwe n’ibihugu vy’Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi. Abami baneshejwe bari:

9 Umwami w’i Yeriko Umwami w’i Hayi hafi y’i Beteli

10 Umwami w’i Yerusalemu Umwami w’i Heburoni

11 Umwami w’i Yarimuti Umwami w’i Lakishi

12 Umwami w’i Eguloni Umwami w’i Gezeri

13 Umwami w’i Debiri Umwami w’i Beti-Gaderi

14 Umwami w’i Horuma Umwami w’i Aradi

15 Umwami w’i Libuna Umwami w’i Adulamu

16 Umwami w’i Makeda Umwami w’i Beteli

17 Umwami w’i Tapuwa Umwami w’i Heferi

18 Umwami w’i Afeki Umwami w’i Lasharoni

19 Umwami w’i Madoni Umwami w’i Hazori

20 Umwami w’i Shimuroni Meroni Umwami w’i Akishafu

21 Umwami w’i Tanaki Umwami w’i Megido

22 Umwami w’i Kedeshi Umwami w’i Yokineyamu i Karumeli

23 Umwami w’i Dori mu gisagara ca Nafoti Dori Umwami w’i Goyimu i Gilugali

24 Umwami w’i Tiriza. Bose hamwe bari abami mirongo itatu n’umwe.