Chapter 20
1 Maze Uhoraho abarira Yosuwa ati:
2 "Barira Abisirayeli bategekanye ibisagara vy’ubuhungiro, nk’uko nabibategetse nciye kuri Mose,
3 kugira ngo nihagira uwica umuntu atabishaka canke atabiteguye, azoshobore kuronka aho ahungira uwuzoba ajejwe guhora amaraso mu muryango w’uwapfuye.
4 Niyamara guhungira muri kimwe muri ivyo bisagara, azohagarare kw’irembo ryaco yiregure ku bakuru baco. Bazoheze bamwakire muri ico gisagara, bamuhe aho aba, abane na bo.
5 Uwujejwe guhora amaraso niyamukurikirana, ntibaze bamutange, kuko azoba yishe mugenziwe atabishaka, atahora ari umwansi wiwe.
6 Azogume muri ico gisagara gushika yumvirijwe n’ikoraniro, yongere arindire gushika umuherezi mukuru azoba ariho ico gihe apfuye. Ni ho azoheza agasubira mu gisagara ciwe, ico yari yahunze avamwo."
7 Nuko baca bategekanya Kedeshi i Galilaya mu misozi iri mu ntara ya Nafutali, Shekemu mu misozi iri mu ntara ya Efurayimu, na Kiriyati-Araba ari co Heburoni, mu misozi iri mu ntara ya Yuda.
8 Mu buseruko bwa Yorodani ahaherereye i Yeriko, bategekanya Bezeri mu bugaragwa no mu misozi migufimigufi mu muryango wa Reyubeni, Ramoti i Gileyadi mu muryango wa Gadi, n’i Golani i Bashani mu muryango wa Manase.
9 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga yabana n’Abisirayeli yishe umuntu atabishaka yaca ahungira muri ivyo bisagara vyateguriwe ico kugira ngo uwujejwe guhora amaraso y’umuryango ntahave amwica ataraburana imbere y’ikoraniro.
