Chapter 12
1 Ico gihe uzovuga uti: "Ndaguhimbaza, ewe Uhoraho . Naho wandakiye, uburake bwawe bwaraheze, kandi urandemesheje.
2 Ni ukuri Uhoraho ni we gakiza kanje, nzomwizigira kandi sinzotinya. Uhoraho Imana ubwiwe ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, yambereye agakiza."
3 Muzovoma amazi munezerewe kw’isoko y’agakiza.
4 Uwo musi muzovuga muti: "Nimushimire Uhoraho , mwambaze izina ryiwe, mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze, muvuge ko izina ryiwe rihambaye.
5 Nimuririmbire Uhoraho , kuko yakoze ibihambaye; mumenyekanishe mu mahanga yose ivyo yakoze.
6 Nimuririmbane umunezero, yemwe bantu b’i Siyoni, kuko Uwera wa Isirayeli aba hagati muri mwebwe ahambaye."
