Yesaya

Chapter 21

1 Imburi ku bugaragwa bwo ku kiyaga. Nk’uko agashururu ko mu gihugu co mu bumanuko gasuriranya, ni ko uwuguteye aje azananye mu bugaragwa, avuye mu gihugu giteye ubwoba.

2 Neretswe ibintu biteye ubwoba: Umuhemu ariko arahemuka, umunyazi ariko aranyaga. Ewe Elamu, tera! Nawe Medi, ugariza! Nzorangiza amaborogo yose Babiloni hahora hateza.

3 Ncitse intege kubera ububabare. Uburibwe bumfashe nk’umuvyeyi ari ku bise. Njugumijwe n’ivyo numvise, ivyo mbonye bimpumye amaso.

4 Umutima wanje urasimbagurika, ubwoba butumye njugumira. Umugoroba nari nipfuje ko ushika unteye guhinda agashitsi.

5 Bateguye imeza, basasa ibirago, bararya, baranywa! Nimuhaguruke mwa ntwazangabo mwe, musige amavuta inkinzo zanyu.

6 Kuko Uhoraho yambwiye ati: "Genda ushireho umuteramyi, na we aje arakubwira ivyo abona.

7 Niyabona imikogote iri kumwe n’amafarasi, canke akabona abagendera ku ndogoba, canke abagendera ku ngamiya, yitegereze cane kandi akobeje."

8 Maze wa muteramyi arasemerera ati: "Mwami, imisi yose nama mpagaze ku munara. Amajoro yose mba ndi ku kirindiro canje.

9 None raba haje umugabo ari ku mukogote, ari kumwe n’umugwi w’amafarasi. Wa muteramyi arongera avuga ati: ‘Babiloni harasenyutse, harasenyutse! Ibibumbano vy’ibigirwamana vyabo vyose bisenyukiye hasi biramenaguritse.’ "

10 Mwa bantu banje, musekuriwe ku mbuga nk’ingano, ndababwiye ivyo numvanye Uhoraho Mushoboravyose, ivyo nakuye ku Mana ya Isirayeli.

11 Imburi kuri Duma. Hari uwumpamagaye ari i Seyiri, ambaza ati: "Yewe muteramyi, ijoro rigeze he? Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?"

12 Umuteramyi yishura ati: "Bugira buce, ariko buca bwongera bwire. Nimba ugomba gusubira kumbaza, uze kugaruka umbaze."

13 Imburi kuri Arabiya: Yemwe mwa ngenzi z’i Dedani mwe, nimwinyegeze mu bugaragwa bwa Arabiya,

14 Yemwe ababa i Tema, nimuzanire amazi abanyotewe, abahunga nimubasanganize ivyokurya.

15 Bariko barahunga inkota kuko yakuwe mu rwubati, n’imiheto ikaba yafowe, batewe ubwoba n’intambara.

16 Uku ni ko Uhoraho yambwiye: "Mu mwaka umwe, nk’uko umukozi akorera impembo ku kwezi awuharura, icubahiro c’i Kedari kizorangira.

17 Abarashi b’intwari bake ni bo bazosigara i Kedari." Uko ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze.