Chapter 56
1 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Nimuce iziroranye, kandi mukore ibibereye, kuko agakiza kanje kari hafi cane, kandi ukugororoka kwanje kukaba kugira guhishurwe vuba.
2 Hahiriwe uwukora ivyo, uwo muntu abifashe nkama, yubahiriza Isabato ntayihumanye, akarinda amaboko yiwe ntakore ikibi na kimwe."
3 Umunyamahanga yifatanije n’ Uhoraho , ashobora kuvuga ati: " Uhoraho azonca mu bantu biwe." Kandi n’inkone ishobora kuvuga iti: "Jeho ndi igiti cumye."
4 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Inkone zubahiriza Isabato, zigahitamwo gukora ibimpimbara, zikazigama isezerano,
5 nzoziha igihome c’icibutso mu nzu yanje, icibutso hamwe n’izina risumba iry’abahungu n’abakobwa; nzoziha izina rizohoraho, rizokwamaho ibihe bidashira.
6 Abanyamahanga bifatanya n’ Uhoraho kugira ngo bamukorere, bakunde izina ry’ Uhoraho babe abakozi biwe, hamwe n’abo bose bubahiriza Isabato ntibayihumanye, bakagumya isezerano ryanje,
7 nzobazana ku musozi wanje wera, ndabahere umunezero mu nzu yanje yo gusengeramwo. Amashikanwa y’ibiturirwa bikamota neza hamwe n’ibimazi vyabo bizokwakirwa ku gicaniro canje; kuko Ingoro yanje izokwitwa inzu isengerwamwo n’amahanga yose."
8 Uhoraho Nyeninganji, we yegeranije Abisirayeli abakuye mu kinyago, avuze ati: "Nzokwegeranya n’abandi, ndabashire hamwe n’abamaze kwegeranywa."
9 Nimuze, yemwe nyamaswa zo mu gahinga mwese, nimuze mutabagure namwe bikoko vyo mw’ishamba!
10 Abateramyi ba Isirayeli ni impumyi, bose ni imburabwenge; ni imbwa z’ibiragi, zidashobora gukuga; bararyama bakarota, bakunda gusinzira!
11 Ni imbwa zitigera zihaga, zitigera zironka ibikwiye. Ni abungere batagira ubwenge, bazimirira mu nzira zabo, umwe wese akironderera inyungu ziwe.
12 Umwe wese aravuga ati: "Nimuze, hinge nzane umuvinyu! Reka tunywe iziboreza kugeza tuborewe! Kandi ejo bizoba bimeze nk’uno musi, canke mbere binarushirize kuba vyiza."
