Zaburi

Chapter 1

1 Hahiriwe umuntu adakurikiza impanuro z’abanyakibi, ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha, canke ngo yicarane n’abacokoranyi,

2 ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’ Uhoraho , akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.

3 Ameze nk’igiti catewe i ruhande y’imigezi y’amazi, kikama mu gihe caco, kandi amababi yaco ntiyuma. Ico akoze cose kiratera imbere.

4 Ariko abanyakibi si ko bameze! Bo bameze nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga.

5 Ni co gituma abanyakibi batazohagarara ku musi w’urubanza, canke abanyavyaha mw’ikoraniro ry’abagororotsi.

6 Kuko Uhoraho arinda inzira y’abagororotsi, ariko inzira y’abanyakibi ijana mu mahonero.