Chapter 11
1 Uhoraho ni we mpungirako. None ni kuki mwombwira muti: "Guruka uhungire ku musozi nk’inyoni kugira ngo ukire!
2 Kuko raba abanyakibi bafoye imiheto yabo; batumbereje imyampi yabo ngo barasire mu mwijima uwutunganye mu mutima.
3 Nimba amatanguriro asambuwe, mbega umugororotsi yokora iki?"
4 Uhoraho ari mu Ngoro yiwe yera; Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami yo mw’ijuru. Araba abantu bose bari mw’isi; inyonga ziwe zirabagenzura.
5 Uhoraho agenzura abagororotsi, ariko abanyakibi, bamwe bakunda umuryano, abanka urunuka.
6 Abanyakibi azobacukumburirako amakara arurumba n’amazuku yaka umuriro; umuyaga uturira ni wo uzoba umugabane wabo.
7 Kuko Uhoraho agororotse, akunda ubutungane; abatunganye bazobona mu nyonga hiwe.
