Zaburi

Chapter 122

1 Naranezerewe igihe bambwira bati: "Tuje mu nzu y’ Uhoraho ."

2 Ibirenge vyacu bihagaze mu marembo yawe, Yerusalemu.

3 Yerusalemu hubatswe nk’igisagara cegeranye kandi gifatanye.

4 Aho ni ho imiryango iduga; imiryango y’ Uhoraho ; ngo bahimbaze izina ry’ Uhoraho nk’uko yabishingiye Isirayeli.

5 Aho ni ho hari intebe z’imanza, intebe z’inzu ya Dawidi.

6 Musabire Yerusalemu ironke amahoro muti: "Icompa abagukunda bakaba amahoro.

7 Icompa mu nzitiro zawe hakaba amahoro n’umutekano ukaba mu minara yawe."

8 Kubera umuryango wanje n’abagenzi banje, nzovuga nti: "Amahoro abe muri wewe."

9 Kubera inzu y’ Uhoraho Imana yacu, nzokwama ngusabira ivyiza.