Zaburi

Chapter 129

1 "Barangwanije cane kuva nkiri muto." Abisirayeli nibavuge batyo:

2 "Barangwanije cane kuva mu buto bwanje, ariko ntibanesheje.

3 Abarimyi barimye ku mugongo wanje bahaciye imirongo miremire.

4 Ariko Uhoraho aragororotse; yacagaguye imigozi y’abanyakibi."

5 Icompa abanka Siyoni bose bagasubira inyuma bamaramaye.

6 Icompa bakamera nk’ivyatsi vyameze ku nzu, vyuma bitarakura;

7 umwimbuzi ntashobora kuvyuzuza ibiganza vyiwe, canke uwegeranya ngo aronke ivyo guteruza amaboko;

8 Icompa ababarengana ntibababwire bati: "Umugisha w’ Uhoraho ubane na we; tubahezagiye mw’izina ry’ Uhoraho ."