Chapter 64
1 Mana yanje, urumva ijwi ryanje ninagutakambira; ukingire ubuzima bwanje kuko umwansi anteye ubwoba.
2 Mpisha unkize inama z’abanyakibi, unkize imigabo mibi y’inkozi z’ikibi.
3 Bakarisha indimi zabo nk’inkota batumbereza amajambo yabo mabi nk’imyampi yica.
4 Barasa uwutagira icaha bamwibundiye; bamutera atiteguye, badatinya.
5 Baterana intege mu migambi yabo mibi, bakavugana ivy’imitego yo mu mpisho; bakavuga bati: "Ni nde abibona?"
6 Baja inama zo kurenganya abandi bakavuga bati: "Twagize umugambi mwiza!" Ni ukuri umutima w’umuntu uri n’ubugunge.
7 Ariko Imana izobarasisha imyampi yayo; bazokubitwa hasi giturumbuka.
8 Azobasubiza ku mitwe amajambo yabo mabi abashitseko uguhona; abazobabona bose bazobazunguriza imitwe babacokora.
9 Abantu bose bazotinya; bazokwamamaza ibikorwa vy’Imana batahure ivyo yakoze.
10 Umugororotsi azonezererwa Uhoraho amuhungireko; abatunganye mu mitima bose bazomunezerererwa!
