Chapter 43
1 Ncira urubanza runkiza, ewe Mana yanje, uburane urubanza rwanje mfitaniye n’ihanga ritizigirwa. Ntabara unkize abo bantu, buzuye ubugunge n’ikibi.
2 Uri Imana, igihome kinkingira. Ni igiki kikumpebesheje? Ni igiki gituma mbayeho ngandaye, mpahazwa n’umwansi?
3 Ndungikira umuco wawe n’ukugira neza kwawe, bibe ari vyo bindongora; binshikane ku musozi wawe wera, aho uba.
4 Maze nzoja ku gicaniro c’Imana, ku Mana, yo munezero wanje n’ibihimbaro vyanje. Nzoguhimbarisha ikembe, ewe Mana, Mana yanje.
5 Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira? Ni igiki gitumye umpagararamwo? Niwizigire Imana, kuko nzosubira kuyihimbaza, yo mukiza wanje n’Imana yanje.
