Zaburi

Chapter 102

1 Uhoraho , niwumve ugusenga kwanje; ugutakamba kwanje nikugushikeko.

2 Ntumpishe mu nyonga hawe mu gihe ndi mu magorwa. Ntega ugutwi; ninagutakambira, unyishure vuba.

3 Kuko imisi yanje itumutse nk’umwotsi; amagufa yanje yaka nk’ikiyigira.

4 Umutima wanje ucitse intege ukabirana nk’ubwatsi, nibagira kurya indya zanje.

5 Mu magorwa yanje ndaniha cane urukoba rwanje rwafatanye n’amagufa.

6 Nabaye nk’igihuna co mu bugaragwa, nk’inyanana yo mu misaka.

7 Sintora agatiro; nabaye nk’inyoni iri ukwa yonyene ku gisenge c’inzu.

8 Abansi banje barantuka bukarinda bwira; abancokora bakoresha izina ryanje mu kuvumana.

9 Kuko ndya umunyota nk’indya nkavanga ivyo nywa n’amosozi

10 kubera uburake bwawe bwinshi, kuko wamfashe ukanterera i ruhande.

11 Imisi yanje yabaye nk’igitutu co ku mugoroba; nkabiranye nk’ubwatsi.

12 Ariko wewe, Uhoraho , uhangamye ibihe bidashira; uzokwama uri rurangiranwa uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.

13 Uzova hasi ugirire imbabazi Siyoni, kuko hageze ko uhagirira neza; igihe cashinzwe kirashitse.

14 Kuko amabuye yaho ari ay’igiciro ku basavyi bawe; n’umukungugu waho utuma bahumvira akagongwe.

15 Amahanga azokwubaha izina ry’ Uhoraho , abami bose bo mw’isi bazokwunamira kubera icubahiro cawe.

16 Kuko Uhoraho azosubira kwubaka Siyoni aseruke mu bwiza bwiwe.

17 Azokwishura ugusenga kw’umugorwa; ntazokwirengagiza ukwinginga kwiwe.

18 Ibi nivyandikirwe abo mu runganwe ruzoza, kugira ngo abataravuka baze bahimbaze Uhoraho bati:

19 " Uhoraho yarungurutse ari ahera hiwe mw’ijuru, ari mw’ijuru yarungurutse isi,

20 ngo yumve ukuniha kw’imbohe kandi ngo abohore abaciriwe urwo gupfa."

21 Nuko izina ry’ Uhoraho rizovugwa i Siyoni n’i Yerusalemu bazomuhimbaza

22 aho amoko yose n’ubwami bwose bazokoranira hamwe gusenga Uhoraho .

23 Ngeze hagati y’urugendo rwanje yamaze inkomezi; yagabanije imyaka yanje.

24 Nuko ndavuga nti: "Ntunkureho, Mana yanje, nkiri hagati y’imyaka yanje yo kubaho; wewe wamaho ibihe vyose.

25 Ubwa mbere na mbere washizeho amatanguriro y’isi, kandi amaboko yawe ni yo yaremye amajuru.

26 Bizoshira, ariko wewe wamaho; vyose bizosaza nk’impuzu. Uzobihindura nk’uwuhindura impuzu maze bishire.

27 Ariko wewe uhora uko wamye, kandi imyaka yawe ntigira iherezo.

28 Abana b’abasavyi bawe bazoba mu nyonga hawe; uruvyaro rwabo ruzokwama imbere yawe."