Zaburi

Chapter 111

1 Himbaza Uhoraho . Nzohimbaza Uhoraho n’umutima wanje wose ndi mw’ikoraniro ry’abatunganye no mu bantu benshi.

2 Ibikorwa vy’ Uhoraho birahambaye; biserangurwa n’ababinezerererwa.

3 Ivyo akora birakayangana kandi bifise icubahiro, kandi ukugororoka kwiwe kwamaho ibihe bidashira.

4 Yatumye ibitangaza vyiwe vyibukwa; Uhoraho ni umunyabuntu kandi agira imbabazi.

5 Ategekanya ivyokurya ku bamwubaha; yibuka isezerano ryiwe ibihe vyose.

6 Yeretse abantu biwe inkomezi z’ibikorwa vyiwe, mu kubegurira igihugu cari ic’ayandi mahanga.

7 Ibikorwa vy’intoke ziwe ni ivyo kwizigirwa kandi biratunganye; ivyo yihanikirije vyose ni ivyo kwizigirwa.

8 Bihora bihamye ibihe vyose, kandi bishinzwe mu kwizigirwa no mu gutungana.

9 Yateguye gucungurwa ku bantu biwe; yashizeho isezerano ryiwe ry’ibihe vyose; izina ryiwe ni iryera kandi riteye ubwoba.

10 Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge; kandi abitondera ivyo yihanikirije bafise ugutahura gushitse. Uguhimbazwa kube ukwiwe ibihe vyose.