Chapter 48
1 Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa, mu gisagara c’Imana yacu, ku musozi wayo wera.
2 Ni mwiza uteye igomwe, utera umunezero isi yose, Umusozi Siyoni ni nk’ubushorishori bwa Zafori, ni wo gisagara c’Umwami ahambaye.
3 Imana iri mu minara yawo; yiyerekanye ari yo gihome kiwukingira.
4 Igihe abami baja hamwe, igihe baza kuhatera bose,
5 barawubonye baratangara; bafashwe n’ubwoba barahunga.
6 Guhinda agashitsi kwabafatiye aho, bafashwe n’ibise nk’ivy’umugore agira avyare.
7 Wabasambuye nk’ubwato bw’i Tarushishi busambuwe n’umuyaga uturutse mu buseruko.
8 Nk’uko twavyumvise, ni ko twabisanze mu gisagara c’ Uhoraho Mushoboravyose, mu gisagara c’Imana yacu: Imana irawukingira ibihe bidashira.
9 Yewe Mana, turi mu Ngoro yawe, tuzirikana urukundo rwawe rudashira.
10 Yewe Mana, nk’uko izina ryawe riri, ishimwe ryawe rishika ku mpera z’isi; ukuboko kwawe kw’i buryo kwuzuye ukugororoka.
11 Umusozi Siyoni uranezerewe, imihana y’i Buyuda irahimbawe kubera amateka yawe.
12 Nimutembere i Siyoni, muhazunguruke, muharure iminara yaho,
13 mwihweze neza inzitiro zaho, murabe iminara yaho, kugira ngo muze mubibwire abo mu runganwe ruzoza.
14 Kuko iyo Mana ari yo Mana yacu ibihe n’ibihe; ni yo izoturongora no gushika kw’iherezo.
