Zaburi

Chapter 142

1 Ndatakambira Uhoraho n’ijwi rirenga; nzoshira ijwi hejuru ntakambira Uhoraho .

2 Ndasuka amajojwa yanje imbere yiwe; ndavuga ivyago vyanje imbere yiwe.

3 Iyo impwemu yanje icikiye intege muri jewe, ni wewe urinda inzira yanje. Mu nzira ngenderamwo abantu banteze umutego.

4 Birabe ubibone, nta n’umwe ari i buryo bwanje; nta n’umwe anyitayeho. Singira ubuhungiro; nta n’umwe yitayeho ubugingo bwanje.

5 Ndagutakambiye, Uhoraho ; ndavuga nti: "Uri ubuhungiro bwanje, umugabane wanje mw’isi y’abazima."

6 Niwumve ugutakamba kwanje, kuko ngowe cane; ntabara unkize abampiga, kuko bandusha inkomezi.

7 Umbohore unkure mw’ibohero ndimwo, kugira ngo mpimbaze izina ryawe. Maze abagororotsi bazokoranira aho ndi, kuko unyeretse ukugira neza kwawe.