Chapter 124
1 Iyo Uhoraho ataba mu ruhande rwacu; Abisirayeli nibavuge batyo;
2 iyo Uhoraho ataba mu ruhande rwacu igihe abantu badutera,
3 baba baratumize miyonzwa tukibona aho uburake bwabo bwatuziriringira,
4 isuri iba yaraturengeye, imipfunda iba yaraturenzeko,
5 amazi asuriranya aba yaradutembanye.
6 Uhoraho ahimbazwe, ataturetse ngo dutabagurwe n’amenyo yabo.
7 Ducitse mu mutego nk’inyoni tuvuye mu mutego w’umutezi; umutego uracitse, natwe tuwuvuyemwo turakira.
8 Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina ry’ Uhoraho , Umuremyi w’ijuru n’isi.
