Zaburi

Chapter 96

1 Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nshasha; yemwe abari mw’isi mwese, muririmbire Uhoraho .

2 Muririmbire Uhoraho muhimbaze izina ryiwe, mwamamaze agakiza kiwe uko bukeye.

3 Muvuge ivy’icubahiro ciwe mu mahanga yose, n’ibitangaza yakoze mu moko yose.

4 Kuko Uhoraho ahambaye kandi abereye gushimwa; akwiye kwubahwa kuruta ibigirwamana vyose.

5 Kuko imana zose z’amahanga ari ibigirwamana, ariko Uhoraho yaremye amajuru.

6 Ubwiza n’icubahiro biri imbere yiwe; inkomezi n’igikundiro biri mu ngoro yiwe.

7 Nimwemere Uhoraho , yemwe miryango yose yo mu mahanga, mwemere ko Uhoraho afise icubahiro n’inkomezi.

8 Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryiwe; muzane ishikanwa mushike mu birimba vyiwe.

9 Musenge Uhoraho muri mu bwiza bw’ukwera kwiwe; yemwe abari mw’isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe.

10 Mwamamaze mu mahanga muti: " Uhoraho araganje." Isi irashimangiye, ntishobora kunyiganyizwa; azocira amahanga imanza zibereye.

11 Ijuru nirinezerwe, isi nihimbarwe; ikiyaga nikibomborane, n’ibiri muri co vyose.

12 Imisozi yose ninezerwe, n’ibiri muri yo vyose; ibiti vyose vyo mw’ishamba nibiririmbishwe n’umunezero.

13 Ivyaremwe vyose nibinezererwe imbere y’ Uhoraho , kuko aje, aje gucira isi urubanza. Azocira abari mw’isi imanza mu bugororotsi N’amahanga azoyacira imanza mu kuri kwiwe.