Zaburi

Chapter 113

1 Himbaza Uhoraho . Nimuhimbaze Uhoraho , yemwe basavyi biwe; nimuhimbaze izina ry’ Uhoraho .

2 Izina ry’ Uhoraho nirihimbazwe, uhereye ubu ukageza ibihe vyose.

3 Uhereye iyo izuba riserukira ukageza iyo rirengera, izina ry’ Uhoraho rikwiye guhimbazwa.

4 Uhoraho ashizwe hejuru y’amahanga yose, icubahiro ciwe kiri hejuru y’amajuru.

5 Ni nde ameze nk’ Uhoraho Imana yacu, avyagiye ku ntebe y’ubwami iyo mw’ijuru,

6 yunamishwa no kuraba amajuru n’isi?

7 Akura umugorwa mu mukungugu, ashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu;

8 akabicarikana n’abakomeye, abakomeye bo mu bantu biwe.

9 Ashira umugore w’ingumba mu nzu yiwe akamugira nyina w’abana ahiriwe. Himbaza Uhoraho