Chapter 12
1 Tabara, ewe Uhoraho , kuko ata mwizigirwa agisigaye; abizigirwa baheze mu bantu.
2 Umuntu wese ahenda mugenziwe; bahendanisha iminwa yabo ariko imitima yabo yuzuye ubugunge.
3 Icompa Uhoraho akazibiza iminwa ihendana n’ururimi rwose rwishira hejuru.
4 Bavuga bati: "Tuzotsinda ku bw’indimi zacu; iminwa yacu ubwacu ni yo izotuburanira; ni nde atuganza?"
5 Ariko Uhoraho avuze ati: "Kubera abakene banyazwe ivyabo n’abagorwa baniha, ngira mve hasi ndabakize ababasuzugura."
6 Kandi amajambo y’ Uhoraho ni ay’ukuri, nk’ifeza zavugutiwe mu ruganda, nk’inzahabu zavugutiwe incuro indwi.
7 Ewe, Uhoraho , uzozigama umugorwa amahoro, kandi uzoturinda umunyakibi ibihe vyose.
8 Abantu nk’abo bigenza ahantu hose iyo ikibi cahawe intebe mu bantu.
