Chapter 112
1 Himbaza Uhoraho . Hahiriwe abubaha Uhoraho , bakanezerererwa amabwirizwa yiwe.
2 Abana babo bazoba abanyenkomezi mu gihugu; urunganwe rw’abatunganye ruzogira umugisha.
3 Ubutunzi n’ibitayega biri mu mazu yabo, kandi ukugororoka kwabo kwamaho ibihe bidashira.
4 No mu mwijima umuco uzotambika ku batunganye, ku banyabuntu buzuye imbabazi bagororoka.
5 Ni vyiza ko umuntu agira ubuntu akagurana abandi, akadandaza mu kuri.
6 Ni ukuri abagororotsi ntibazokwigera banyiganyizwa; bazokwibukwa ibihe vyose.
7 Ntibazotinya inkuru mbi; imitima yabo irashikamye, kuko bizigiye Uhoraho .
8 Imitima yabo iri amahoro, ntibazotinya; kw’iherezo bazokwibonera ukuneshwa kw’abansi babo.
9 Batanze isabagire ku bakene, ukugororoka kwabo kwamaho ibihe bidashira; ihembe ryabo rizoshirwa hejuru mu cubahiro.
10 Abanyakibi bazobibona bababare, bazohekenya amenyo baherengetere; ivyo abanyakibi bipfuza nta co bizoshikako.
