Zaburi

Chapter 14

1 Igipfu cibwira mu mutima kiti: "Nta Mana iriho." Abantu nk’abo barononekaye, ibikorwa vyabo biteye isoni, nta n’umwe muri bo akora ivyiza.

2 Uhoraho arunguruka ari mw’ijuru akitegereza abana b’abantu ngo arabe ko hari n’umwe atahura, canke ko hari n’umwe arondera Imana.

3 Bose barazimiye, bose barononekaye; nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.

4 Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi bose nta co bazi? Barya abantu banje nk’abarya umutsima; ntibigera bambaza Uhoraho .

5 Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye, kuko Imana iri mw’ikoraniro ry’abagororotsi.

6 Mwebwe abakora ibibi mwica imigambi y’abakene, ariko Uhoraho ni ubuhungiro bwabo.

7 Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni! Aho Uhoraho azosubirira guhezagira abantu biwe; aba Yakobo baze banezerwe, Abisirayeli bahimbarwe!