Zaburi

Chapter 20

1 Uhoraho akwishure ku musi w’amagorwa; izina ry’Imana ya Yakobo rikurinde.

2 Akurungikire ugutabarwa kuva ahera hiwe, agushigikire ari i Siyoni.

3 Niyibuke ibimazi vyawe, yemere amashikanwa yawe yose.

4 Aguhe ico umutima wawe ushaka imigambi yawe yose ije mu ngiro.

5 Tuze turirimbishwe n’umunezero niwanesha tuduze amabendera yacu mw’izina ry’Imana yacu. Uhoraho akwishure ivyo wamusavye vyose.

6 Ubu ni ho nkimenya: Uhoraho aha intsinzi uwo yarobanuje amavuta. Amwishura ari ahera hiwe mw’ijuru akamwishurisha inkomezi zo kunesha zo mu kuboko kwiwe kw’i buryo.

7 Bamwe bishimira imikogote abandi bakishimira amafarasi yabo, ariko tweho twizigira izina ry’ Uhoraho Imana yacu.

8 Bacishijwe bugufi baratemba, ariko twebwe tuvuye hasi turashikama.

9 Uhoraho , uhe umwami intsinzi! Kandi utwishure nitwakwambaza!