Zaburi

Chapter 5

1 Niwumvirize amajambo yanje, ewe Uhoraho , witeho ugucura intimba kwanje.

2 Wumve ugutaka kwanje untabare, Mwami wanje kandi Mana yanje, kuko ari wewe nsenga.

3 Mu gitondo wumve ijwi ryanje; mu gitondo nzana imbere yawe ivyo ngusaba nkarindira niteze inyishu yawe.

4 Nturi Imana ihimbarwa n’ikibi; kandi abanyakibi nta kibanza bafise imbere yawe.

5 Abibone ntibazohagarara imbere y’inyonga zawe. Wanka abakora ibibi bose;

6 uherengeteza abavuga ibinyoma bose. Abasesa amaraso n’ingunge Wewe, Uhoraho , ubanka urunuka.

7 Ariko jewe, ku bw’urukundo rwawe rwinshi, ndashobora kuza mu Ngoro yawe; nkunama nubashe, ntumbereye urusengero rwawe rwera.

8 Ndongorera mu kugororoka kwawe, ewe Uhoraho , kuko mfise abansi. Utumbereze inzira yawe imbere yanje.

9 Nta kuri kuva mu kanwa kabo; umutima wabo wuzuyemwo ubugunge, umuhogo wabo ni nk’imva irangaye; indimi zabo bazivugisha ibinyoma.

10 Bamenyeshe ko batsinzwe, ewe Mana! Ubugunge bwabo nibubabere umutego. Ubirukane kubera ivyaha vyabo vyinshi, kuko bakugararije.

11 Ariko abaguhungiyeko bose banezerwe; baririmbishwe n’umunezero ibihe bidashira. Bapfuke ubakingire, kugira ngo abakunda izina ryawe bakunezerererwe.

12 Ni ukuri, ewe Uhoraho , ni wewe uhezagira abagororotsi; ubakikiza ukugira neza kwawe nk’inkinzo.