Chapter 149
1 Haleluya. Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nsha, mumuririmbire ishimwe mw’ikoraniro ry’abera biwe.
2 Isirayeli nibanezerererwe Umuremyi wabo; ab’i Siyoni nibanezerererwe Umwami wabo.
3 Nibahimbaze izina ryiwe batamba bamuvugirize umurya w’inanga n’umurisho w’ingoma.
4 Kuko Uhoraho ahimbarirwa abantu biwe; yambika abaciye bugufi ukunesha nk’igitsibo.
5 Abera biwe nibanezererwe icubahiro ciwe bamuvugirize impundu bari ku mariri yabo.
6 Uguhimbaza Imana kube mu kanwa kabo bafise inkota y’ubugi bubiri mu ntoke,
7 kugira ngo bihore amahanga bahane amoko,
8 bongere baboheshe iminyororo abami bayo, abaganwa bayo bababoheshe imigozi y’ivyuma,
9 maze bashitse urubanza bandikiwe ko bazohanwa; ico ni co cubahiro c’abera biwe. Haleluya.
