Chapter 146
1 Haleluya. Mutima wanje, himbaza Uhoraho .
2 Nzohimbaza Uhoraho ubuzima bwanje bwose; nzoririmba izo guhimbaza Imana yanje nkiriho.
3 Ntimukishimire abahambaye, canke abana b’abantu, badashobora gukiza.
4 Iyo impwemu yabo ibavuyemwo, basubira mw’ivu, kuri uwo musi nyene imigambi yabo igahinduka ubusa.
5 Hahiriwe abahungira ku Mana ya Yakobo, ivyizigiro vyabo bikaba k’ Uhoraho Imana yabo.
6 Ni we yaremye ijuru n’isi, ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose; aguma ari umwizigirwa ibihe bidashira.
7 Ni we aburanira abacinyizwa akagaburira abashonje. Uhoraho ni we abohora imbohe,
8 Uhoraho ni we ahumura impumyi, Uhoraho ni we ashira hejuru abaciye bugufi, Uhoraho ni we akunda abagororotsi.
9 Uhoraho azigama inyambukira agashigikira impfuvyi n’umupfakazi, ariko inzira z’abanyakibi arazigoramika.
10 Uhoraho aganje ibihe bidashira, Imana yawe, ewe Siyoni, iraganje uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi. Haleluya.
