Chapter 56
1 Ngirira imbabazi, Mana yanje, kuko abansi banje bampiga cane; barampiga bukarinda bwira.
2 Abangwanya barampiga bukarinda bwira; ni benshi bampigana ubwibone bwabo.
3 Igihe cose ngize ubwoba, ni wewe nizigira.
4 Nshimira Imana ivyo yasezeranye. Imana ni yo nizigira singire ubwoba. Mbe abantu buntu bongira iki?
5 Bagoreka amajambo yanje bukarinda bwira; nta kindi barota atari ukunyica.
6 Bagira inama, bakangenza, bagenzura intambuko zanje, bashaka kunyica.
7 Kubera ibibi vyabo ntubareke ngo bagende uko; Mana, utsinde hasi amahanga mu burake bwawe.
8 Ibuka amagorwa yanje; andika amosozi yanje mu gitabu cawe; mbega ntiwayanditse?
9 Aho ni ho abansi banje bazosubira inyuma ninatabaza. Aho ni ho nzomenyera ko Imana iri mu ruhande rwanje.
10 Imana, iyo nshimira amajambo yayo, Uhoraho , uwo mpimbaza ijambo ryiwe;
11 Imana ni yo nizigira maze singire ubwoba. Mbega umuntu yoshobora kungira iki?
12 Naragusezeraniye Mana yanje; nzogushikanira ikimazi c’ishimwe.
13 Kuko wantabaye ukankura mu rupfu n’ibirenge vyanje ukabirinda gutsitara, kugira ngo nze ngendere imbere y’Imana mu muco w’ubugingo.
