Chapter 103
1 Mutima wanje, himbaza Uhoraho ; namwe bimbamwo mwese, nimuhimbaze izina ryiwe ryera.
2 Mutima wanje, himbaza Uhoraho , ntiwibagire ivyiza yagukoreye vyose;
3 ni we aharira ivyaha vyawe vyose agakiza ingwara zawe zose,
4 ni we acungura ubugingo bwawe ngo ntibuje muri rwa rwobo akakwambika urukundo n’imbabazi nk’igitsibo,
5 ni we aguhaza ivyiza kugira ngo ubusore bwawe bwiyubure nk’ubw’inkona.
6 Uhoraho agirira ivyo kugororoka n’ivy’imanza zibereye abahahazwa bose.
7 Yamenyesheje Mose inzira ziwe, n’ibikorwa vyiwe kuri Isirayeli:
8 Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu, ateba kuraka, akagira urukundo rwinshi.
9 Ntazokwama yagiriza, kandi ntazokwama aratse ibihe vyose;
10 ntadukorera ibikwiranye n’ivyaha vyacu canke ngo atugerere ibihwanye n’ibigabitanyo vyacu.
11 Kuko nk’uko amajuru yitanguriye isi, ni ko urukundo agirira abamwubaha rungana;
12 nk’uko ubuseruko bwitanguriye uburengero, ni ko yashiburiye kure yacu ibigabitanyo vyacu.
13 Nk’uko se agirira abana ikigongwe, ni ko Uhoraho agirira ikigongwe abamwubaha;
14 kuko azi iremwa ryacu, yibuka ko turi umukungugu.
15 Ubugingo bw’abana b’abantu ni nk’ivyatsi gusa, bamera nk’amashurwe yo ku misozi;
16 umuyaga uyahuhako akaba agiye, aho yahora ntihabe hacibukwa.
17 Ariko uhereye ibihe vyose ukageza ibihe vyose urukundo rw’ Uhoraho ruri ku bamwubaha, kandi ukugororoka kwiwe kuri ku ruvyaro rw’abana babo;
18 ku bitondera isezerano ryiwe bakibuka kwitondera ivyo yashinze.
19 Uhoraho yashinze intebe y’ubwami yiwe mw’ijuru, kandi ni umwami aganza vyose.
20 Nimuhimbaze Uhoraho , yemwe bamarayika biwe, yemwe banyenkomezi mukora ivyo ategetse, mwumvira ijambo ryiwe.
21 Nimuhimbaze Uhoraho , yemwe mwa nyenyeri zo kw’ijuru, yemwe basavyi biwe bakora ivyo agomba.
22 Nimuhimbaze Uhoraho , yemwe bikorwa vyiwe aho muri hose mu bwami bwiwe. Mutima wanje, himbaza Uhoraho .
