Chapter 140
1 Ntabara, Uhoraho , unkize inkozi z’ibibi; undinde abanyamuryano,
2 bagira imigambi mibi mu mitima yabo bakavyura intambara imisi yose.
3 Indimi zabo bazisongora nk’iz’inzoka; ubumara bw’inzoka buri mu kanwa kabo.
4 Uhoraho , undinde amaboko y’abanyakibi; undinde abanyamuryano, bagira imigabo yo kuntsinda hasi.
5 Abibone banteze umutego wo mu mpisho; bamaze gutega insenga zabo no gushinga imitego yabo mu nzira ncamwo.
6 Ndabwira Uhoraho nti: "Uri Imana yanje." Uhoraho , niwumve ugutakamba kwanje.
7 Uhoraho Nyeninganji, mutabazi wanje w’inkomezi, wambika inkinzo umutwe wanje ku musi w’intambara.
8 Uhoraho , ntuhe abanyakibi ivyo bipfuza; ntureke ngo imigambi yabo ishirwe mu ngiro.
9 Abankikuje bazunguza imitwe yabo mu bwibone; amajambo mabi y’akanwa kabo abasubire ku mitwe.
10 Amakara yaka asukwe ku mitwe yabo; nibatererwe mu muriro, batererwe mu vyobo vy’amazi, ntibigere bavayo.
11 Abavuga abandi nabi ntibagume mu gihugu; ivyago nibihige abantu b’umuryano.
12 Ndazi ko Uhoraho aburanira abakene agakiranira aboro.
13 Ni ukuri abagororotsi bazohimbaza izina ryawe, kandi abatunganye bazoba mu nyonga zawe.
