Chapter 95
1 Nimuze turirimbire Uhoraho tunezerewe; tuvugirize impundu Igitandara c’agakiza kacu.
2 Tuze mu nyonga hiwe tumushima tumuririmbire tuvugira ibicurarangisho.
3 Kuko Uhoraho ari Imana ihambaye, ni Umwami ahambaye asumba ibigirwamana vyose.
4 I bwina h’isi hari mu kuboko kwiwe, n’udutwe tw’imisozi ni utwiwe.
5 Ikiyaga ni iciwe, kuko ni we yakiremye, ibiganza vyiwe ni vyo vyabumye i musozi.
6 Nimuze, tumwunamire tumusenge, dupfukame imbere y’ Uhoraho Umuremyi wacu;
7 kuko ari we Mana yacu natwe turi abantu yiragiriye, umukuku yitayeho. Uwu musi icompa mukumva ijwi ryiwe rivuga riti:
8 "Ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko mwayikomantarije i Meriba, nk’uko mwabigize kuri urya musi i Masa mu bugaragwa,
9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca, naho bari barabonye ivyo nakoze.
10 Nashavuriye urwo runganwe imyaka mirongo ine; ndavuga nti: ‘Ni abantu bama bazimira mu mitima, kandi ntibamenye inzira zanje.’
11 Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nari narabateguriye.’ "
