Chapter 53
1 Igipfu cibwira mu mutima kiti: "Nta Mana iriho." Abantu nk’abo barononekaye, n’inzira zabo ni mbi; nta wukora ivyiza, nta n’umwe.
2 Imana irunguruka iri mw’ijuru ikitegereza abana b’abantu ngo irabe ko hari n’umwe atahura, ko hari n’umwe arondera Imana.
3 Bose barazimiye, bose barononekaye; nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.
4 Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi nta co bazi? Barya abantu banje nk’abarya umutsima; ntibigera bambaza Imana.
5 Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye, kandi ata kintu na kimwe co kubatera ubwoba. Imana izosanzaza amagufa y’abaguteye; uzobamaramaza, kuko Imana yabakengereye.
6 Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni! Aho Imana izogarukanira abantu bayo; aba Yakobo baze banezerwe kandi Isirayeli ihimbarwe!
