Zaburi

Chapter 70

1 Mana, tebuka unkize; Uhoraho , tebuka untabare.

2 Abagomba kunyica nibamaramare bakorwe n’isoni; abipfuza ko nohona bose nibasubizwe inyuma bateterewe.

3 Abambwira bati: "Aha! Aha!" basubire inyuma kubwo kumaramara.

4 Ariko abakurondera bose nibanezerwe bahimbarirwe muri wewe; abipfuza ugutabarwa kwawe bame bavuga bati: "Imana irahambaye!"

5 Ariko jeho ndi umworo, kandi ndi umukene; nuze aho ndi vuba, ewe Mana. Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje; Uhoraho we, ntutebe.