Zaburi

Chapter 87

1 Yashinze igisagara ciwe ku musozi wera.

2 Uhoraho akunda amarembo y’i Siyoni kurusha ibindi bisagara vyose vy’aba Yakobo.

3 Hari ivyiza vyavuzwe kuri wewe, ewe gisagara c’Imana:

4 "Nzokwandika Egiputa na Babiloni mu gitigiri c’abanyemera; no mu Bafilisitiya naho nyene, n’i Tiro, hamwe na Kushi; maze nzovuga nti: ‘Uwu yavukiye muri Siyoni.’ "

5 Ni ivy’ukuri, bizovugwa kuri Siyoni ngo: "Uwu n’urya bose bavukiye ngaha, kandi Iyisumbavyose ubwayo ni yo izohubaka ihakomeze."

6 Uhoraho azokwandika ku gitabu c’amoko ati: "Uwu yavukiye i Siyoni."

7 Uko bazocuraranga bazoririmba bati: "Amasoko yanje yose ari muri wewe."