Chapter 93
1 Uhoraho araganje, yisakaye ubwiza; Uhoraho yisakaje ubwiza kandi yambaye inkomezi; ni ukuri, isi irakomeye, irahamye kandi irahangamye.
2 Intebe yawe y’Ubwami yabayeho kuva kera; wamyeho ibihe vyose.
3 Ibiyaga birasuriranye, ewe Uhoraho , ibiyaga birabomboranye; ibiyaga bivyuye imipfunda yavyo.
4 Ariko wewe urakomeye kurusha ukubomborana kw’amazi yo mw’ibenga, urakomeye kurusha imipfunda y’ikiyaga; Uhoraho ashizwe hejuru arahambaye.
5 Ivyo washinze, ewe Uhoraho , birahamye; ukwera ni kwo gusharije inzu yawe ibihe bitazoshira.
