Chapter 75
1 Turaguhimbaza, Mana, turaguhimbaza, kuko Izina ryawe riri hafi yacu; ahantu hose abantu baganira ibitangaza wakoze.
2 Uravuga ngo: "Mu gihe nzoba nashinze, nzoca imanza mu bugororotsi.
3 Igihe isi izohinda agashitsi n’abari kuri yo, ni jewe nzofata inkingi zayo ndazikomeze.
4 Ku bibone ndavuga nti: ‘Ntimukirate,’ n’abanyakibi nti: ‘Ntimukaduze amahembe yanyu.
5 Ntimukaduze amahembe yanyu mw’ijuru; ntimuvuge amajambo y’ubwibone.’ "
6 Nta n’umwe wo mu buseruko canke mu burengero, canke ava mu bugaragwa yoshobora kwishira hejuru.
7 Imana ni yo ica imanza: icisha bugufi umwe, igashira hejuru uwundi.
8 Mu kuboko kw’ Uhoraho hari igikombe cuzuye umuvinyu ubiragira uturiranije; arawusuka, maze abanyakibi bose bo kw’isi bakawiranguza gushika no ku mvuzo.
9 Ariko jeho, nzokwamamaza ibi bintu ibihe bidashira; nzoririmbira ishimwe ry’Imana ya Yakobo,
10 ni yo ivuga iti: "Nzovunagura amahembe y’abanyakibi bose, ariko amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru."
