Chapter 79
1 Mana, amahanga yateye mu mugabane wawe; bahumanije Ingoro yawe yera, Yerusalemu bahahinduye umusaka.
2 Imivyimba y’abasavyi bawe bayigaburiye ibisiga vyo mu kirere, inyama z’abantu bawe bazigaburiye ibikoko vyo mw’ishamba.
3 Basheshe amaraso nk’amazi hirya no hino i Yerusalemu, kandi nta muntu asigaye wo guhamba abapfuye.
4 Ku babanyi bacu twahindutse akamenyo, turacokorwa tugatukwa n’abadukikije.
5 Uzogeza ryari, ewe Uhoraho ? Uzokwama uturakiye ibihe vyose? Uburake bwawe buzotuziriringira kugeza ryari?
6 Suka uburake bwawe kuri ayo mahanga atakwemera, kuri ubwo bwami butambaza izina ryawe;
7 Kuko batsontsomeye Yakobo bagasambura igihugu ciwe.
8 Ntuduharureko ivyaha vya ba sogokuruza; imbabazi zawe nizize zinyaruka aho turi, kuko dukeneye gutabarwa.
9 Dufashe, Mana mukiza wacu, ku bw’icubahiro c’izina ryawe; dukize uduharire n’ivyaha vyacu ku bwo’izina ryawe.
10 Ni kuki amahanga yobaza ati: "Imana yabo iri hehe?" Imbere y’amaso yacu, menyekanisha mu mahanga ko uhora amaraso y’abasavyi bawe yasesetse.
11 Amaborogo y’imbohe nashike imbere yawe; ukirishe ukuboko kwawe kw’inkomezi abagerewe gupfa.
12 Usubirize mu nkoko abadukikije incuro indwi agacokoro bagucokoye, ewe Mana.
13 Maze twebwe abantu bawe, intama zo mu buragiro bwawe, tuzoguhimbaza ibihe bidashira; uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi tuzokwamamaza ishimwe ryawe.
