Zaburi

Chapter 128

1 Hahiriwe uwubaha Uhoraho wese, akagenda mu nzira ziwe.

2 Uzorya ivyo ubutame bwawe bwamye; imigisha n’amahirwe bizoba ivyawe.

3 Umugore wawe azoba nk’umuzabibu wama cane mu nzu yawe; abana bawe bazoba nk’utugemwe twa elayo bakikuje imeza yawe.

4 Egome, uwo ni wo uzoba umugisha w’umuntu yubaha Uhoraho .

5 Uhoraho aguhe umugisha uva i Siyoni; uze ubone amahirwe ya Yerusalemu mu misi yose y’ukubaho kwawe.

6 Uze urambe kugira ngo wibonere abuzukuru bawe; amahoro abe kuri Isirayeli.